Uko wahagera

Perezida Watowe wa Gambiya Ararahirira muri Ambasade


Adama Barrow, watsinze amatora muri Gambiya
Adama Barrow, watsinze amatora muri Gambiya

Perezida yavuye mu matora mu gihugu ca Gambiya, Adama Barrow, yatangaje uno musi ku wa kane, kw’ukurahira kwiwe kuza kubera muri Ambasade ya Gambiya mu gihugu ca Senegali. Ivyo ni mu gihe perezida Yahya Jammeh yanse gutanga ubutegetsi.

Ivyo yabitangarije ku rubuga, Twitter, aho yatangaje kw’amabanga ya perezida Jammeh arangiye icese, gatoyi inyuma y’isaha zitandatu zo mw’ijoro.

Ibirori vy’ukurahira vyari bitegekanijwe kuba uno musi ku wa kane ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul.

Ibihugu bibanyi vya Gambiya mu karere ko muri Afrika yo mu burengero biriko bigerageza gutorera inyishu ibibazo vya politike biri muri Gambiya muri iki gihe.

Inteko z’ibihugu bigize ishirahamwe CEDEAO, zari zirindiye ku rubibe hagati ya Senegal na Gambiya uno musi ku wa kane.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Gambiya, Ousman Badjie, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, Agence France Presse, ku musi wa gatatu, kw’inteko ziwe zitazokwivuna inteko z’ishirahamwe CEDEAO niyo zinjira ku butaka bwa Gambiya.

XS
SM
MD
LG