Uko wahagera

Gambiya: Inama Nshingamateka Yongereje Ikiringo ca Jammeh


Abanyegambiya baharurwa mu bihumbi baramaze guhungira mu gihugu kibanyi ca Senegal bahunga ubwicanyi bushobora kuba
Abanyegambiya baharurwa mu bihumbi baramaze guhungira mu gihugu kibanyi ca Senegal bahunga ubwicanyi bushobora kuba

Inama nshingamateka y’igihugu ca Gambiya yongereje amezi atatu ikiringo ca perezida Yahya Jammed mu mabanga yiwe. Ivyo nahovyari bitegekanijwe kw’ikiringo ciwe kirangira ku wa kane nkuko vyatangajwe na televiziyo ya Reta uno musi ku wa gatatu.

Kwongereza ico kiringo vyagiye mu ngiro buno nyene.

Ivyo vyatangajwe umusi umwe inyuma yuko Perezida Jammeh atangaje amezi atatu y’ibihe bidasanzwe mu gihugu. Ni mu gihe arondera kuguma ku butegetsi naho yatsinzwe mu matora yo mu kwezi kw’icumi na kabiri.

Perezida yavuye mu matora, Adama Barrow yiyemeje kurahira ejo ku musi wa kane, abifashijwemwo n’amakungu.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ya reta k’umusi wa kabiri, Jammeh yavuze ko ivyo bihe bidasanzwe bishobora kuzobandanya gushika aho sentare y’igihugu izogira ico ishikirije ku birego umugambwe wiwe watanze inyuma y’aho umurwi ujejwe gutunganya amatora ushikirije ko amatora yabayemwo utunenge.

Ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bihurikiye mu muryango CEDEAO vyaramaze gutegura ingabo zimeze magabo, mugihe Jammeh yokwanka gutanga ubutegetsi k’umusi wa kane, igihe ikiringo ciwe kizoba kirangiye.

Abanyegambiya baharurwa mu bihumbi baramaze guhungira mu gihugu kibanyi ca Senegal bahunga ubwicanyi bushobora kuba.

Sentare nkuru y’igihugu ya Gambiya vyari vyitezwe ko igira ico ivuze kur’ivyo birego kw’italiki 10 z’uku kwezi kwa mbere, ariko yaciye yunguruza urwo rubanza gushika m’ukwezi kwa gatanu kuko ifise ubwoba ko hadashobora kuba ibisikanya k’ubutegetsi mu mahoro.

XS
SM
MD
LG