Uko wahagera

Maleziya: Ukurondera Indege MH370 Cahagaze


Ibisigarira vy'Indege itwara abantu ya Malaysia yazimanganye
Ibisigarira vy'Indege itwara abantu ya Malaysia yazimanganye

Igikorwa c’ukurondera musi y’amazi indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia irengero ryayo ritamenyekanye carangiye mw’ibahari Indien ata bimenyetso vy’iyo ndege bibonetse.

Naho hakoreshejwe ubuhinga bukomeye bwa none n’abantu bafise ubuhinga bukomeye, abajejwe kurondera iyo ndege ntibashoboye kuyitora.

Indege itwara abantu y’igihugu ca Malaysia yazimanganye haheze hafi y’imyaka itatu kw’italiki umunani z’ukwezi kwa gatatu, umwaka w’i 2014, igihe yari igiye ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing, ivuye mu gisagara ca Kuala Lumpur.

Naho igikorwa gikomeye c’ukurondera iyo ndege cashimikiye mu mazi y’ibahari Indien hafi y’igihugu ca Australiya, aho abantu bibaza kw’iyo ndege yasambukiye, nta kimenyetso c’iyo ndege n’abari muriyo catowe.

Amareta y’Ubushinwa, Malaysia na Australiya yarumvikanye kw'iigikorwa c’ukurondera iyo ndege irengero ryayo ritazwi coba kirahagaritswe gushika ayandi makuru yizigiwe abonetse.

XS
SM
MD
LG