Uko wahagera

Gambiya: Perezida Jammeh mu Cyeragati


Perezida wa Gambiya, Yahya Jammeh, yasavye ko sentare nkuru y’igihugu ke ifata ingingo ibuza perezida aherutse kuva mu matora kurahira k’italiki 19 z’ukwezi kwa mbere. Yaraziririje kandi umugambwe uwariwo wose kurahiza perezida yavuye mu matora.

Ivyo Perezida Jammeh, yabitangaje ku musi w’Imana kuri televiziyo y’igihugu.Yatangaje kw’italiki ya 19 y’ukwezi kwa mbere, umwaka w’i 2017 itari italiki ntarengwako, kw’impande zose zotegerezwa kurindira ingingo ya sentare nkuru.

Abategetsi bavuga ko bishobora gufata sentare nkuru amezi atari make kugira ifate ingingo ku vyasabwe na Perezida Jammeh.

Yahya Jammeh, ashaka kurindira ingingo ya sentare nkuru. Yatangaje kuri televiziyo, mu kurindira ibintu bizoguma uko biri muri iki gihe.

Ishirahamwe mpuzamakungu n’abategetsi batari bake b’ibihugu vyo muri Afrika basavye Yahya Jammeh, kuva ku butegetsi biciye mu mahoro.

XS
SM
MD
LG