Uko wahagera

Gabon: Inkino za CAN Zishobora Gufasha Ubutunzi


Abanywanyi b'umugwi w'umupira w'amaguru, w'igihugu ca Gabon.
Abanywanyi b'umugwi w'umupira w'amaguru, w'igihugu ca Gabon.

Mu gihe igihugu ca Gabon kiriko kiritegurira kwakira inkino z’umupira w’amaguru k’umugabane wa Afrika, uyu mwaka, amahinguriro mur’ico gihugu amennyesha ko afise icizere co kuzoduza ubutunzi bwayo.

Uburyo ibiciro vyagabanutse kw’isoko mpuzamakungu vyatumye gabon isubira inyuma, ubutunzi burageramirwa mu kiringo c’imyaka itatu iheze. Ibiciro vya petrol vyaganutse ku bice mirongo indwi kw’ijana, mu gihe reta yari isanzwe izera inze kuri peteroli icukugwa aho muri Gabon, hafi igice c’amafaranga ikoresha akaba ariho iyakura.

Gabriel Zomo, umuhinga muvy’ubutunzi avuga ko ingaruka z’ivyo biciro vyagabanutse zimaze kwibonekeza ku mahinguriro no mu bakozi. Abenshi mu banyagihugu bakaba bizeye kuronkera akoyoko mu mafaranga azokwinjizwa mur’izo nkino.

Ibisagara bine arivyo bizokwakira izo nkino, navyo ni Libreville, Franceville, Port Gentil na Oyem, bikazokwakira imigwi ishika kuri cumi n'itandatu.

XS
SM
MD
LG