Uko wahagera

Donald Trump Yaburiye Koreya ya Ruguru kuri Misile


Perezida yavuye mu matora muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yariyamirije ivyatangajwe n’umutegesti mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, vy’uko igisirikare ciwe kizogerageza vuba misile balistike izoshobora gushikira ubutaka bwa Amerika. Ivyo Kim Jong Un, yabitangaje mw’ijambo ry’impera z’umwaka yashikirije.

Ku musi wa mbere, Donald Trump, yavuze ku rubuga TwItter, kw’ivyco bitazoba. Trump, yongeye asubira kunebagura Ubushinwa kuba butabujije Koreya ya ruguru izera kuribwo, mu bijanye n’ubutunzi, gukora ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike.

Koreya y’epfo yarahayagije ivyatangajwe na Donald Trump, mu kuvuga ko abona neza ibibazo ibirwanisho ruhonyanganda vya Koreya ya ruguru biteye.

Yamara abitegereza ibintu bavuga ko kubuza Koreya ya ruguru gukora ibirwanisho ruhonyanganda vyoroshe kuvuga mu majambo, kurusha gushira mu bikorwa.

Umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, avuga kw’igihugu ciwe kizobandanya gukomeza ubushobozi bwaco, ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda, igihe cose Reta zunze ubumwe za Amerikia n’ibihugu bicuditse bizoba bigeramiye umutekano w’igihugu ciwe.

XS
SM
MD
LG