Uko wahagera

Siriya: Ibitero Byariyogereye Hafi ya Damas


Agahenwe mu gihugu ca Siriya gasa n’agacumbagira. Ivyo ni mu gihe inteko za reta zongereje ibitero hafi y’umurwa mukuru, Damas. Urunani rw’imirwi irwanya ubutegetsi yatangaje ko izohagarika kuja mu biganiro vyo mu ntango bitegekanijwe kuba mu mpera z’uku kwezi.

Bitegekanijwe kw’ibiganiro bibera ku murwa mukuru w’igihugu ca Kazakistani. Yamara abarwanya ubutegetsi batangaza ko batazoja muri ivyo biganiro kubera bagiriza Reta ya Siriya kurenga ku masezerano y’uguhagarika ingwano.Ayo masezerano yashitsweko kw’italiki 30 z’ukwezi gushize.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu muri Siriya, The Syrian Observatory for Human Rights ryamenyesheje kw’igisirikare ca Siriya, gifajijwe n’indege z’ingwano na vya muzinga, cateye intambwe ku musi wa mbere mu gikorwa c’ukugerageza gufata ibice biri mu micungararo y’ikiyaya ca Wadi Barada na Barada Valley, mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Damas.

Ibiganiro vy’amahoro biriko bitegurwa n’Uburusiya, Irani na Turikiya. Ivyo bihugu vyaragize kandi uruhara rukomeye mu kuganira agahenwe kahari muri iki gihe.

Ntaco ivyo bihugu biravuga ku ngingo y’abarwanya ubutegetsi y’uguhagarika ibiganairo vyo mu ntango

XS
SM
MD
LG