Uko wahagera

Siriya: Intambara Zirabandanya mu Kiyaya ca Barada


Impuzi z'abanyagihugu bo muri Siriya, zahungiye mu gisagara ca Qidisayah
Impuzi z'abanyagihugu bo muri Siriya, zahungiye mu gisagara ca Qidisayah

Abakurikiranira hafi ibibera muri Siriya bamenyesha ko abanyagihugu amajana bahunze ibisagara biri hirya y’umugwa mukuru, kur’uyu w’Imana, bivuye ku ntambara zimaze iminsi itatu hagati y’abasirikare ba Reta n’imigwi y’abagwanyi bagizwe b’aba Djihadistes bakorana na al-Qaida, imigwi itegwa n’agahengwe ko guhagarika intambara katanzwe kuva mu ndwi iheze.

Imigwi y’abajejwe agateka ka zina muntu muri Siriya akaba ataco batangaje kubijanye n’izo ntambara kur’uyu w’Imana, yamara ivuga ko ivyo bitero vyabaye mu masaha makeyi mu gitondo co k’umunsi wa gatandatu. Intambara zikaba zibandanya nubwo Reta ya Siriya, co kimwe n’ibihugu bisanzwe biyifasha, Turukiya n’Uburusiya, vyari vyatangaje ko har’uturere twari twugarijwe n’intambara tugiye kuronka agahengwe.

Ako gahengwe katanzwe kakaba katerekeye akarere k'ikiyaya ca Barada, gasanzwe karigaruriwe n’abagwanyi b’aba Djihadistes, bunze ubumwe na al-Qaida, basanzwe bagwanya Reta ya Bashar al-Assad. Mwomenya ko iyo migwi iri mur’ako karere kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kabiri, yagiriziza Reta ko yakoze ibitero vyasambuye isoko ry’amazi risanzwe ritanga amazi mur’ico gsagara cose.

XS
SM
MD
LG