Uko wahagera

Israyeli Yahakanye Gutanga Ibiziga vy'abagwanyi ba Hamas


Ikiziga c'umugwanyi w'umuhari Hamas yaguye mu gitero c'indege za Israyeli

Ubushikiranganji bujejwe umutekano mu Gihugu ca Israyeli vyafashe ingingo, kur’uyu w’Imana, yo kutarungikira ibiziga vy’abiyahuzi bo m’umuhari Hamas imiryango yabo. Israyeli imenyesha ko izokwihambira ivyo biziga.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho umuhari Hamas usohoreye ividewo yerekana agashinyaguro kakorewe, Oron Shaul, umusirikare wa Israyeli yishwe mu Bihumbi bibiri na cumi na kane, Hamas ikaba itatanze ikiziga c’uwo musirikare.

Gushika ubu umuhari Hamas ukaba ataco urashikiriza kubijanye n’iyo ngingo. Ubushikiranganji bujejwe umutekano muri Israyeli bumenyesha ko habaye inama yo kwiga uburyo bwotahukana ibiziga vy’abasirikare babiri, co kimwe n’abandi basirikare babiri bafashwe n’uwo muhari.

Ibiro vy’Umushikiranganji wa mbere wa Israyeli, Benjamin Netanyahu bimeyesha ko hariho umugambi wo gutahukana abo basirikare, yamara nta vyinshi vyatangajwe kubijanye n’uwo mugambi.

XS
SM
MD
LG