Uko wahagera

Umutekano Wakomejwe mu Bisagara Bikomeye kw'isi


Umunyagihugu ariko abanza inzira abapolisi bacunze umutekano i New York
Umunyagihugu ariko abanza inzira abapolisi bacunze umutekano i New York

Umutekano uracungerewe bikomeye mu bisagara bikomeye vyo kw’isi mugihe hitezwe ko amasinzi y’abantu ahava akoranira hamwe kugira bahimbaze umwaka mushasha w’2017.

Abajejwe umutekano bongerejwe mur’ivyo bisagara mu gutinya ko hohava haba ibindi bitero vy’iterabwoba nk’ivyabaye I Berlin m’Ubudagi kuwa 19 ukwezi kwa cumi na kabiri bihitana abashika 12.

Ubudagi bwongereje inzitiro hamwe n’ibiduga bidafatwa n’amasasu hafi y’agace ka Brandenburg kari k’umurwa mukuru Berlin.

Igisagara ca Paris m’Ubufaransa cafashe ingingo yo kubuza abazorasa amasasu y’umunezero ahirwa Tour Eiffel kandi uyu mwaka.

Hagati mugisagara ca Londres m’Ubwongereza, abapolisi barungitswe ku bwinshi kubituro vy’amatereni agendera mu kuzimu, ibitari bisanzwe bikorwa.

Naho I New York City, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika ingingo zikomeye zo gucungera umutekano zafashwe mugihe hitezwe abantu bashika umuliyoni bahava bakoranira Times Square mugace ka Manhattan kugira bahimbaze umwaka musha w’2017.

I Sydney muri Australiya, abapolisi 2000 bongerejwe kubandi bari basanzwe k'umurimo ndetse n’ibiduga vyabo bishirwa mu mabarabara kugira bikingire abazoba bakoraniye hamwe mur’ivyo birori.

XS
SM
MD
LG