Uko wahagera

Prezida Obama Yafatiye Ibihano Uburusiya


Prezida Barack Obama, (i bubamfu), na Prezida Vladimir Putin (i buryo)
Prezida Barack Obama, (i bubamfu), na Prezida Vladimir Putin (i buryo)

Prezida Barack Obama yasohoye ibihano ku gihugu c’Uburusiya kubijanye n’ubunyonyezi buciye muri informatique, hamwe nukuba ico gihugu carivanze mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye mu kwezi guheze kwa cumi na rimwe. Ivyo bihano vyerekeye kandi ihohoterwa ryabaye ku bakorera mu biro vy’uwuserukira Amerika i Moscou, m’Uburusiya.

Prezida Obama amenyesha ko ivyo bihano ar’uburyo bwo gukingira inyungu za Amerika ku nyifato itabereye y’abanyamahanga. Ivyo bihano vyasohotse kur’uyu wa kane bikaba kandi vyega abarusiya bashika kuri cenda bakorera mu bisata vyagize uruhara mur’ubwo bunyonyezi. Abakozi ba Reta y’Uburusiya basanzwe bakorera hano muri Amerika, bashika kuri mirongo indwi na babiri, bahawe amasaha atarenze mirongo indwi n'abiri kugira babe bavuye k’ubutaka bwa Amerika. Baregwa kuba barakoze ibikorwa bidahwanye n’ico bari bajejwe.

Prezida Obama yatangaje kandi ko Amerika n’ibihugu bisanzwe bikorana bizoshira hamwe mu ntumbero yo kugwanya ingendo y’Uburusiya ku bindi bihugu, hamwe n’uburyo ico gihugu gica kubiri n’ingendo ya demokrasi. Umwe mu bategetsi mu biro vya Prezida Obama amenyesha ko ata gukekeranya k’Uburusiya bwivanze mur’ayo matora, akavuga kandi ko Ibiro vya Prezida Obama vyibaza ko Uburusiya buriko buragerageza kwivanga no mu matora y’ibindi bihugu.

Umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu c’Uburusiya amenyesha ko Amerika iriko iragerageza gusambura imigenderanire isanzwe hagati y’ivyo bihugu ukwari bibiri. Sean Spicer, Umunyamabanga mu gisata co kumenyekanisha amakuru k’uruhande rwa Donald Trump asaba ko ivyabona vy’uko Uburusiya bwivanze mu matora ya Amerika bishirwa ahabona.

XS
SM
MD
LG