Uko wahagera

RDC: Umunyepolitike Yatswe Uburenganzira bwo Kudakurikiranwa


Bamwe mu bayobozi b'imigambwe itavuga rumwe na Reta, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo
Bamwe mu bayobozi b'imigambwe itavuga rumwe na Reta, muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Mu ntara ya Katanga y’Uburaruko, aho ni m’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, inama nkuru yaratse uburenganzira bwo kudakurikiranwa n’ubutungane umurongozi w’Umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, kur’uyu wa kabiri. Gabriel Kyungu Wa Kumwanza, yagirizwa kuba yaratyoje Prezida Joseph Kabila.

Ubutungane bwari bwasavye ko uwo munyepolitike akugwako ubwo burenganzira bwo kudakurikiranwa n’amategeko kugira bushobore kumushengeza, bumwagiriza bufise amajwi yiwe aho yariko atuka Umukuru w’Igihugu. Yamara ayo majwi akaba atashizwe ahabona.

Umwe mubamuburanira, Me Sonvil Mukendi amenyesha ko yatswe ubwo burenganzira atigeze arengutswa ngo yiregure, kandi ko Kyungu ahakana ivyo yagirizwa. Mukendi agasaba ko ayo majwi yoshirwa ahabona. Mwomenya ko Gabriel yungu Wa Kumwanza ar’umwe mu banyepolitike bakomeye, batavuga rumwe na Reta, akaba yarakoranye cane na Moise Katumbi, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta asanzwe ari m’ubuhungiro.

Tubibutse ko aho Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, amatora yar’ategekanijwe kuba mu kwezi guheze kwa cumi na rimwe, akaba yarigijweyo. Prezida Joseph Kabila akaba yahisemwo kubandanya ikiringo ciwe ca kabiri, mu kurundira ko isango ryategekanirijwe kuberako amatora rishika.

XS
SM
MD
LG