Uko wahagera

Prezida Obama Arizera Indoto Ziwe ku Gihugu


Prezida Barack Obama
Prezida Barack Obama

Prezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika amenyesha ko yizera indoto afise ku gihugu ciwe kandi ko iyo ahurira mw’ihiganwa ry’Umukuru w’Igihugu na Donald Trump yari kumutsinda. Ivyo Prezida Obama yabitangarije mu kiganiro yahaye David Axelrod, yahoze ar’umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu.

Kur’uyu wa mbere Donald Trump yatowe ngw’arongore Amerika, abicishije k’urubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter, yamiriye kure ivyatangajwe na Prezida Obama, m’ugutuma urutoke ikena ry’ubuzi, ibikorwa vy’iterabwoba, hamwe n’itegeko rijanye n’ivy’ubuvuzi Obamacare.

Prezida Obama yakeje kandi umukandida w’aba Demokrate, Hillary Clinton, yamara avuga ko imyiyamamazo yiwe yaranzwemwo ukwiyubara kwinshi. Prezida Obama yagarutse kandi k’umurage w’intwaro yiwe, m’ukuvuga ko intsinzi ya Trump idasigura ko indoto yiwe ku gihugu yabaye impfagusa.

Prezida Obama azorangiza ikiringo ciwe ca kabiri nk’Umukuru w’Igihugu mu kwezi kwa mbere kw’umwaka buca utangura. Yatangaje ko agiye kubandanya gukora m’ukwubaka urunganwe rushasha rw’abayobozi, abameyeshamakuru hamwe n’abanyepolitike.

Urwo rugangwe Prezida Obama amenyesha ko arubona mu bafise imyaka ya mirongo ibiri na mirongo itatu, buzuye ingabire n’indoto, akavuga ko azokoresha ikigo agiye kurongora mu gutora umuti w’uburyo abahuza n’uburyo abaha ivyankenerwa kugira bashike kw’iterambere. Prezida Obama yarangije avuga ko atipfuza kubaho yishimira ivyo yakoze muri kahise vyiza.

XS
SM
MD
LG