Uko wahagera

Boko Haram Ikomeje Ibitero ku Bakristu muri Kameruni


Buramatari w’intara ya kure muburaruko bwa Kameruni atanganza ko abanyagihugu bacungera umutekano w’abasivile bashoboye gutesha igitero cahatse kugigwa n’umugwi wa Boko Haram ku Bakristu bariko bitegurira guhimbaza Noheli. Ivyo bikaba ari ikimenyetso c’uko umugwi wa Boko Haram ukibangamiye ako karere.

Buramatari Midjiyawa Bakari yavuze kw’ako kagwi kajejwe kwivuna abansi kabonye umuntu kiketse kuba ari umugwanyi wa Boko Haram iri kw’ikinga ariko aja mu karere k’ikigwati ca Mora muburaruko bwa Kameruni hafi y’umupaka na Nigeriya. Muri ako karere Abakristu bari bagira batangure misa ya Noheli yo ku musi wa mungu.

Bakari avuga kw’ako kagwi gacungera umutekano w’abasivile kafashe uwo mugabo yari kw’ikinga gatangura kumusaka. Buno nyene uwo mugabo ava aturitsa bombe yari afise. Iyo bombe yahitanye uwo yayiturikije, ihitana umusivile yitwa Ibrahim Hamama, yongera ihitana abagwanyi babiri b’ako kagwi gacungera abanyagihugu. Abandi bantu bagera k’umunani barahakomerekeye.

XS
SM
MD
LG