Uko wahagera

Amerika Isaba Abanyamerika kutaja Muri Kongo


John Kirby avugira deparotema ya reta y'Amerika
John Kirby avugira deparotema ya reta y'Amerika

Reta zunze ubumwe z’Amerika iragabisha abanyagihugu bayo kutagira ingendo zidakenewe muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Kw’italiki ya 23, z’ukwezi kwa cumi na kabiri, 2016, imiryango y’abakozi b’Amerika hamwe n’abakozi badakenewe cane yari yemerewe gusubira I Kinshasa.

Iri gabisha rije risubirira iryo kw’italiki ya 2 z’uku kwezi, 2016.

Amerika ifashe iyi ngingo yisunze umutekano muke urangwa mu bice bitari bike vya Kongo.

Amerika isaba abanyagihugu bayo bari k’ubutaka bwa Kongo kwitegekaniriza uburyo bwo kuva mur’ico gihugu mugihe vyoyangara batarinze kurindira imfashanyo ya Reta y’Amerika.

Amerika itangaza ko imirwi y’abarwanyi, abasuma na bamwe mu basirikare ba reta bibonekeza mu ntara za Kivu y’uburaruko, iy’ubumanuko, Bas-Uele, Haut-Uele, Ituri, Tanganyika na Haut-Lomami.

Iyo mirwi iregwa kwica, gufata abakenyezi ku nguvu, gusahura no kugaba ibitero vya gisirikare kubasivile.

XS
SM
MD
LG