Uko wahagera

Gashakisha Uwakoze Igitero ca Berlin Birakomeje


Abatuye mu gisagara ca Berlin n'abantu b'impunzi barahuye bararirimba indirimbo za Noeli

Isoko igurirwamwo ibintu vya Noeli mu gisagara Berlin mu gihugu c’Ubudagi yabereyemwow igitero hakoreshejwew ikomyo cahitanye abantu cucmid na babiri ku musi wa mbere yasusbiye kwugurura.

Ikibanza iryo sokso ririmwo gikingiwe bikomeye n’abapolisi.

Muri ico gihe, imisi itatu inyuma yuko ikamyo yaje n’umuvuduko mwinshi guseka abantu barir mu kibanza kirimwo isoko igurisha ibintu vy Noeli mu gisagara ca Berlin, abategetsi mu karere k’i Bulaya barondeye uno musi ku wa kane umuntu yikekwa bikomeye muri ico gitero. Abategetsic b’igihugu c’Ubudagi bavuga k’uwikekwa bikomeye muri ico gitero ari umunyatuniziya yari kuba yirukanywe mu gihugu hahze amezi atari make.

Abategesti batangaje ejo ku musi wa gatatu kw’uwo munyatuniziya w’imyaka 24 yitwa Anis Amri, yaje mu Budagi mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2015. Yarakwirikiranywe mu kiringo c’amezi atandatu muri uyu mwaka inyuma yuko yiketswe ko ashobora kuba yari yaguze ibirwanisho vyari gushobora gukoreshwa mu gitero.

Itohoza ryarangiye mu kwezi kw’icenda. Inzego zijejwe kurwanya iterabwoba zahanahanye ubwa nyuma amakuru amwerekeye mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Ugusaba ubuhungiro kwiwe vyariyamirijwe haheze amezi atandatu, yamara ntiyarungitswe mu gihugu ciwe ca Tuniziya kubera ibibazo vy’ibipapuro bimuranga.

Igipolisi c’Ubudagi cashimikiye kuri Anis Amri inyuma yuko gitoye inzandiko mw’ikamyo yakoreshejwe mu gitero mu kibanza kirimwo isoko igurisha ibintu vya Noeli.

Ibiro vy’umushikirizamanza w’igihugu vyatanze agashimwe k’amadolari ibihumbi ijna na bine ku wuzotanga amakuru azotuma ahagarikwa.

XS
SM
MD
LG