Uko wahagera

Kwimura Abasilikare b'Amerika Bari Okinawa


Ikarita y'Ubuyapani
Ikarita y'Ubuyapani

Sentare nkuru y’igihugu c’Ubuyapani yafashe ingingo yo kwimura ikambi y’abasirikare b’Abanyamerika bagwanira mukirere no kubutaka bayishira mu kindi kibanza kiri kw’izinga rya Okinawa nyene. Niko Reta y’Ubuyapani ibyifuza, ariko ivyo ntivyashimishije abatavuga rumwe na yo, bipfuza kw’iyo kambi ikugwa kuri iryo zinga burundu.

Iyo sentare yavuze ko buramatari Takeshi Onaga yari yafashe ingingo iteye kubiri n’amategeko, aho yahagarika ibikogwa vyari vyatangujwe n’uwo yasubiriye mu mwaka 2015. Ivyo bikogwa vyari bigamije gutegura ikibanza c’aho iyo kambi ya Futenma igizwe n’ibibanza indege z’abasilikare b’Abamarines zigurukirako yungururizwamwo.

Umugambi wa Reta y’Ubuyapani yifatanije n'iy'Amerika bifise, n’uko ikambi rya Futenma rikugwa mugace k’iryo zinga rya Okinawa karimwo n’uruja n’uruza rwinshi, igashigwa ahandi. Yamara abanyagihugu baba kuri iryo zinga rya Okinawa, bipfuza ko ikugwaho burundu kubera irimwo induru nyinshi, ubugizi bwa nabi, kandi hakaba amasanganya menshi ategwa n’uko iri kuri iryo zinga.

Iyo kambi ya Fetunma, ifise akamaro gakomeye kuri Reta zunze ubumwe za Amerika kubera aho iherereye muri Aziya, iri kuri iryo zinga rya Okinawa kuva intambara y’isi ya kabiri irangiye. N’ikimenyetso gikomeye c’inguvu z’Amerika muri ako karere

XS
SM
MD
LG