Uburusiya bwatangaje uno musi ku wa gatatu ko hakiri kare kugira batangaze ivyo bwiyumvira ku kugene ibintu vyagenze ku muntu yagandaguye Ambasaderi wabwo mu gihugu ca Turkiya.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Turkiya, Mevlut Cavusoglu, yabwiye mugenzi wiwe wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, kw’itelefone kw’igihugu ciwe cemera ko uwagize ico gitero akorana n’umutegetsi akomeye w’idini rya Kiyislamu, Fetullah Gulen. Turikiya yagiriza uyu Gullen, aba muri Amerika ko yagize uruhara muri coup d’etat yageragejwe muri Turkiya mu kwezi kw’indwi.
Umuvugizi wo mu biro kwa prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje uno musi ku wa gatatu, ko batokwihutira kuvuga ivyo biyumvira ku vyabaye imbere yuko itohoza Uburusiya na Turkiya biriko bigirira hamwe riherahezwa.