Uko wahagera

Imiriro y’Umunezero Yaturitse Yahitanye Abantu 31 muri Mexique


Imiriro y’umunezero ikoreshwa mu misi mikuru yaraturitse ku musi wa kabiri mu kibanza c’isiko rigurishirizwamwo iyo miiro hafi y’igisagara ca Mexico City, mu gihugu ca Mexique. Abantu 31 n’umwe barahasize ubuzima abandi 70 barakomereka.

Ico kibanza citwa San Pablito, mu gisagara ca Tultepec, cari cuzuye abantu bariko bagura imiriro y’umunezero ikoreshwa mu misi mikuru bategekanya gukoresha kuri Noeli n’umwaka mushasha. Ico gisagara kiri hafi y’ibilometero 30 mu buraruko bw’umurwa mukuru.

Iyo miriro yaraturitse irungika imyotsi myisnhi cane mu kirere, mu gihe abantu bageregeje guhunga ikibanza yaturikiyemwo. Ibindi bibanza vyinshi aho iyo miriro yaturikiye vyarasambutse.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru muri Mexique vyaruguruye itohoza kugira uwatumye iyo miriro iturika amenyekane.

Mu bakomeretse, abantu 21 bavuye mu bitaro uno musi ku wa gatatu.

Perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto, yakoresheje urubuga rwa Twitter, mu kurungikira ubutumwa bw’umubabaro imiryango y’abishwe n’ukwifuriza abakomeretse gutora mitende ningoga.

XS
SM
MD
LG