Uko wahagera

Mali Yahakaniye Uburayi Kwakira Abimukira Bayo


Abimukira baturuka muri Eritreya, Mali na Bangladesh, mw'ibahari Mediterane
Abimukira baturuka muri Eritreya, Mali na Bangladesh, mw'ibahari Mediterane

Reta ya Mali yatangaje kur’uyu wa mbere ko itazokwemerera Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya gusubiza inyuma abimukira baturuka aho muri Mali. Ivyo vyatangajwe inyuma y’aho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimaze iminsi ririko ririga uburyo bwo guhagarika igitigiri c’abimukira, biciye mu biganiro bagirana n’ibihugu baturukamwo.

Igihugu ca Nijer kikaba caremeye ayo masezerano mu kwezi guheze, kibanje guhabwa amafaranga aharugwa muma miliyoni y’amadolari. Abdoulaye Diop, Umushikiranganji ajejwe migenderanire n’ayandi makungu, yatangaje kur’uyu wa mbere ko ikibaraje ishinga ar’umutekano w’abanyagihugu babo basanzwe bari mu mahanga.

Diop amenyesha ko abakozi ba Reta bari mu bihugu vya Buraya, bajanywe no kwerekana ababayo batabifitiye uburenganzira, batazwi na Reta. Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya rikaba ryarahaye Reta ya Mali amafaranga angana n’imiliyoni Ijana na mirongo itandatu z’amadolari kugira yemere kwakira abanyagihugu bayo baba mu bihugu vya Buraya.

Adbdoulaye Diop amenyesha ko ivyo biganiro ataco vyashitseko, kandi ko umunyagihugu yirukanywe ategerezwa gutahukanwa hishunzwe agateka ka zina muntu. Ikigo Frontex, kijejwe gucungera imbibe kimenyesha ko abimukira baturuka muri Mali baharugwa mu Bihumbi cumi, binjiye mu mwaka w’Ibihumbi Bibiri na Cumi na Gatanu.

XS
SM
MD
LG