Uko wahagera

Gambiya: Prezida Jammeh Asabwa Kutadadaza


Prezida Yahya Jammeh mu nama y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, i Malabo, muri Guinee Equatorial
Prezida Yahya Jammeh mu nama y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, i Malabo, muri Guinee Equatorial

Muri Gambiya, abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko ari hamwe Yahya Jammeh yahora arongoye Igihugu, yanse kubisa uwatsindiye amatora, mu kwezi kwa mbere, azoca afatwa nk’uwahemutse. Ivyo vyashikirijwe na Halifa Sallah, umuvugizi w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, aho amenyesha ko ivyo biba mu gihe Umukuru w’Igihugu atakaje uburenganzira ahabwa n’Ibwirizwa Shingiro.

Ni mu gihe Prezida Jammeh, yarongoye Gambiya mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri n'ibiri, yatangarije ku mboneshakure, itariki cenda z’uku kwezi kwa cumi na kabiri ko ahakanye ivyavuye mu matora, inyuma y’indwi imwe yemeye ko Adama Barrow, uwo bahiganwa, yayatsinze. Uyo munsi nyene, Umugambwe wiwe ukaba waciye witura Sentare nkuru y’Igihugu, usaba ko ayo matora afutwa.

Kur’uyu wa gatandatu, abari munama y’Ishirahamwe ry’ubutunzi muma Reta y’Ibihugu vya Afrika y’Uburengero, CEDEAO, batangaje ko bazokwitabira ibirori vyo kiwimika Adama Barrow, kandi ko bazoshiraho ingingo zishoboka kugira ivyavuye mu matora vyubahirizwe.

Mohamed Ibn Chambas, aserukira ONU muri Afrika y’Uburengero yabwiye ikinyamakuru AFP ko Prezida Jammeh ategerezwa kwitegura gutanga ubutegetsi, no mu gihe akirindiye inyishu ku birego yatanze muri Sentare. Chambas amenyesha ko mur’iki gihe bakirindiriye iyo tariki, Prezida Yahya Jammeh ariwe abanya kurongora Gambiya.

XS
SM
MD
LG