Uko wahagera

Abasirikare 40 ba Yemeni Bishwe n'Umwiyahuzi


Abantu bakoraniye ahiciwe abasirikare 40 ba Yemeni mugisagara ca Aden, Dec. 18, 2016.

Abategetsi b’igisirikare ca Yemeni batangaza ko umwiyahuzi yaturikije bombe yica abasirikare bashika 40 mu gisagara ca Aden kur’uyu w’Imana.

Abo bategetsi batangaza ko abo basirikare bishwe bari bakoraniye hamwe mw’ikambi yabo bariko barahembwa umushahara wabo. Igisirikare kimenyesha kandi ko abandi bashika 50 bakomeretse.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu watangaje ko ariwo wagavye ico gitero.

Iyo bombe iturikijwe mugihe hari haheze indwi har’ikindi gisasu caturikijwe n’uwo muhari nyene mur’ico gisagara ca Aden gihitana abasirikare bashika 45.

XS
SM
MD
LG