Uko wahagera

RDC: Ekleziya Katolika Iriko Ihuza Abanyepolitike


Abasenyeri ba Ekleziya katolika muri RDC mu biganiro vyo guhuza Abanyepolitike.
Abasenyeri ba Ekleziya katolika muri RDC mu biganiro vyo guhuza Abanyepolitike.

Ibiganiro hagati y’abo mu mugambwe wa Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo hamwe n’urunani “Rassemblement” ruhurikiyemwo abatavugarumwe na reta vyarabandanije ejo kuwa kabiri I Kinshasa birongowe na Ekleziya Katolika.

Mugihe amatora yigijwe imbere, ibi biganiro bibonwa nk’amahirwe yanyuma kur’ico gihugu mugihe ikiringo ca kabiri ca Kabila kirangirana no k’umusi wa mbere uza.

Ekleziya Katolika muri Kongo ishikiriza ko yizigiye ko abaserukiye abandi mur’ivyo biganiro bazogira ico bapfunditse imbere yuko iyi ndwi irangira, bakibaza ko bizotuma ubwicanyi buhagarara.

Impande zose ziri mur’ivyo biganiro ntizihuriza hamwe igihe amatora y’umukuru w’igihugu azotunganwa. Urunani “Rassemblement” rushikiriza ko amatora ategerezwa kuba m’umwaka uza, mugihe abashigikiye Kabila bemeza ko ata matora ashoboka imbere y’ukwezi kwa kane k’umwaka w’2018.

XS
SM
MD
LG