Uko wahagera

USA: CIA Ikeka ko Uburusiya Bwafashije Trump Gutsinda


Perezida Barack Obama wa Reta zunze z’Amerika yategetse abajejwe iperereza gutohoza neza ko hoba har’abashatse guhungabanya amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kumwe guheze.

Inyuma y’aho Obama ashikirije ivyo kur’uyu wa gatanu, ibinyamakuru bibiri bikomeye vyo muri Amerika - The New York Times na The Washington Post – vyaciye vyandika ko Uburusiya bwagize uruhara mu gufasha kugira Donald Trump atsinde amatora.

Abagize inama nshingamateka baba abarepublikani n’abademokrate baciye basaba ibiro CIA bijejwe iperereza muri Amerika gukora amatohoza kur’ivyo vyagirizwa Uburusiya.

Abaheruka kugenwa muri reta nshasha ya Trump nabo batangaje kuwa gatanu ko ibiro CIA ari navyo vyabeshe mu gutangaza ko Saddam Hussein yar’afise ibirwanisho ruhonyanganda kandi Atari vyo, baca bavuga ko ivyo ar’ugusamaza abanyagihugu.

Obama yategetse ko ibizova mur’ayo matohoza vyomushikira imbere yuko arangiza amabanga yiwe mu kwezi kwa mbere kuza.

XS
SM
MD
LG