Uko wahagera

Washington DC: Gushira urugori ku cibutso c’Abasirikare b’Amerika bapfiriye Pearl Harbor mu ntambara ya kabiri y’isi.


Mike Pence yagenywe kuba icegera ca Donald Trump hamwe na Senateri John McCain wo mumugambwe b’abarepublikani barashize urugori kucibutso c’abasirikare b’Amerika bishwe n’Ubuyapani kukivuko ca Pearl Harbor. Ico gitero cabereye muri Reta ya Hawai mugihe c’intambara ya kabiri y’isi yose mu mwaka w’1941.Uwo musi wama wibukwa kw’italiki 7 z’ukwezi kwa cumi na kabiri buri mwaka. Ico cibutso kiri I Washington DC.

XS
SM
MD
LG