Uko wahagera

Siriya: Ku bwa Reta 'Intsinzi Irimirije mu Gisagara ca Aleppo


Ibitero vya reta ya Siriya mugisagara ca Aleppo birabandanya.
Ibitero vya reta ya Siriya mugisagara ca Aleppo birabandanya.

Mu gihe inteko ziwe zagize intsinzi ikomeye ku barwanya ubutegetsi mu gisagara ca Aleppo, perezida w’igihugu ca Siriya Bashar al-Assad, yatangaje kw’urugamba ruzobandanya gushika ingwano imaze imyaka itanu irangiye.

Ivyo Assad yabitangaje mu kiganiro casohotse ku musi wa kane, mu kinyamakuru ca Reta, Aal-Wtan, umusi umwe inyuma yuko igisirikare ca Reta gishigikiwe n’Uburusiya gifashe bitatu vya kane vy’igice c’igisagara ca Aleppo, cari mu minwe y’abarwanya ubutegetsi kuva mu mwaka w’i 2012.

Assad atangaza kw’intsinzi mu gisagara ca Aleppo, atari ukuvuga kw’ingwano irangiye. Yamara ngo n’intambwe ikomeye mu nzira y’ukurangiza ingwano.

Assad, yariyamirije kandi iciyumviro cerekeye agahengwe, mu gisagara ca Aleppo, igihe cose abarwanya ubutegetsi bazoba bagumye muri ico gisagara.

Abarwanya ubutegetsi bashikirije iciyumviro c’imisi itanu y’agahengwe, kugira bifashe mu gikorwa c’ugukura abasivile mu gisagara ca Aleppo. Bemeye kandi kuganira kazoza k’ico gisagara igihe ivyo bizoba vyabaye.

Abasivile ibihumbi n’ibihumbi bavurwa ko bafatiwe mu buseruko bwa Aleppo, naho igitigiri kinini c’abantu bahunze igice c’ico gisagara kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi mu ndwi zibiri zirangiye.

XS
SM
MD
LG