Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Isabwa Guhana Abafata ku Nguvu Abakenyezi


Bineta Diop, Intumwa idasanzwe y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika
Bineta Diop, Intumwa idasanzwe y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika

Kur’uyu wa gatatu, intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Bineta Diop, yateye akamo Reta ya Sudani y’Ubumanuko ko guhagarika no guhana abasirikare baregwa kuba barafashe ku nguvu abigeme n’abakenyezi mu myaka itatu iheze igihugu kiri mu ntambara.

Ivyo Diop yabitangaje mu gihe ata musirikare n’umwe canke umugwanyi, mu baregwako ico caha arafatwa ngo ahanwe na Reta. Diop akavuga ko guhana ico caha bizotuma abakanyezi basubira kuronka umutekano bagasubizwa n’agateka.

Diop amenyesha kandi ko bifatikanije n’abakenyezi bo muri Sudani y’Ubumanuko mur’iki kiringo c’iminsi Cumi n'Itandatu yo kwiyamiriza amabi akoregwa abakenyezi.

Mahawa Kaba Wheeler, umurongozi mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, mu gisata c’iterambere ry’abakenyezi amenyesha ko indoto z’abakenyezi n’abakiri bato zitegerezwa kuja ahabona.

Wheeler avuga kandi ko iryo Shirahamwe ryipfuza kubona inkomezi z’iyo migwi y’abanyagihugu zikoreshwa m’ukugarukana amahoro aho muri Sudani y’Ubumanuko.

XS
SM
MD
LG