Uko wahagera

ONU Yasavye Imbabazi kuko Inteko Zayo Zateje Cholera muri Haiti


Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon yasavye imbabazi abanyahayiti inyuma y’imyaka irenga itandatu inteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro mur’ico gihugu zagirijwe ko zateje ikiza ca Cholera mu banyagihugu.

Mugihe Ban, agiye kurangiza ikiringo ciwe nk’umunyamabanga mukuru wa ONU mumpera z’uku kwezi kwa cumi na kabiri, yatangaje ko ONU ibwirizwa gukingira abanyahayiti, kandi nayo nyene ubwayo ikikingira.

Abanduye Cholera muri Hayiti.
Abanduye Cholera muri Hayiti.



ONU yemeye ko abasirikare bayo bamuka muri Nepale bari barungitswe gufasha abanyahayiti inyuma ya nyamugigima yahitiyeyo mu mwaka w’2010 aribo bakwije imigera ya Cholera mu ruzi Artibonite rw’aho muri Hayiti ibona kwandukira abanyagihugu.

Abarenga ibihumbi icenda nibo ico kiza cahitanye, abandi ibihumbi amajana umunani bararokoka ariko babanje gusinzikara bikomeye.

XS
SM
MD
LG