Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Francois Hollande yatangaje ko atazokwitoza kurongora ikiringo kigira kabiri.
Abaye umukuru w’igihugu wa mbere w’Ubufaransa azoba avuye k’ubutegetsi adasubiye kwipima ngo arabe ko yotorwa haraheze imyaka itari mike.
Hollande yatangaje ivyo k’umusi wa kane, mu kumenyesha ko ata banywanyi afise abona bomuha amajwi ngo atsinde ikiringo ca kabiri.
Hollande yagaragaye nk’umuperezida atizigiwe n’abafaransa mu bakuru b’ibihugu bigeze gutwara Ubufaransa.
Intwaro ya Hollande yarabangamiwe n’ibitero vy’iterabwoba, ndetse yagirizwa ko itashoboye kugabanya ubushomeri mu gihugu.