Uko wahagera

USA: Donald Trump Asaba Ibihano ku Baturira Ibendera ry'Igihugu


Abanyeshure bo kw'ishure rya Los Angeles biyamiriza itorwa rya Donald Trump, kuwa 14 munyonyo, 2016.
Abanyeshure bo kw'ishure rya Los Angeles biyamiriza itorwa rya Donald Trump, kuwa 14 munyonyo, 2016.

Prezida aherutse gutahukana intsinzi mu matora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasavye uno musi ku wa kabiri kw’abaturiye amabendera y'Amerika bari mu myiyerekano bafatirwa ibihano bikomeye. Ivyo naho sentare kizigenza ya Amerika yafashe ingingo ivugako ivyo bikingiwe n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Trump avuga kw’ata muntu numwe yotegerezwa guturira ibendera rya Amerika. Ngo mu gihe babigize, hategerezwa kuba inkurikizi, kumbure kwakwa ubwenegihugu canke gupfungwa umwaka. Ivyo Trump yabitangarije ku rubuga, Twitter.

Ivyatumye Trump, abitangaza kuri Twitter ntavyamenyekanye buno nyene. Ivyo bibaye imisi mikeyi inyuma yuko ishule kaminuza yo muri Reta ya Massachusetts, mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika, ifashe ingingo y’uguhagarika kuduza amabendera ya Amerika inyuma yuko abanyashule baturiye ibendera, mu mugambi w’ukwiyamiriza intsinzi yatangaje abantu ya Donald Trump, mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika haheze indwi zitatu.

Iryo shule kaminuza ryo muri Reta ya Massachusetts, ryamenyesheje ko ryakira neza ibiganiro bibaye mu mahoro, ku vyerekeye ibendera ya Amerika, ryubahwa niniliyoni n’imiliyoni y’Abanyamerika.

XS
SM
MD
LG