Uko wahagera

USA: Umuriro Wononye Ibitari Bike muri Tennessee


Abajejwe ibikorwa vyo gutabara muri Reta ya Tenessee muri Reta zunze ubumwe z’Amerika batangaza ko har’umuriro wadutse mu gisagara ca Gatlinburg kiri mu bumanuko bw’iyo reta uhitana amazu n’ibikorwa vy’ubucuruzi bikorerwaho.

Inyubakwa 30 zahiye mur'uyo muriro wadutse kur'uyu wa kabiri, harimwo n’amahoteri 16 aranga kahise, ariko ntabahasize ubuzima baratangazwa.

Abantu 1200 bimuriwe mu mahema abashika ibihumbi 12 nabo ntamuyagankuba bafise.

Imvura yitezwe kugwa ishobora kugabanya uwo muriro ariko umuyaga nawo urashobora kutorohereza abari mubikorwa vyo kuwuzimya.

XS
SM
MD
LG