Uko wahagera

Ubufaransa Bubandanya Butesha Ibitero vy'Iterabwoba


Umushikirizamanza mukuru w’ I Paris mu Bufaransa atangaza ko Ubufaransa bwaburijemwo igitero c’iterabwoba gikomeye, kandi ko batanu mubakekwa kugitegura bafashwe kandi bari bahawe amategeko n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Umushikirizamanza Francois Molins, yabwiye ibinyamakuru ko abo bagabo bahabwa amabwiriza n’umukuru atwara uwo muhari wa reta ya Kiyisilamu mu kerere ka Iraki na Siriya.

Yatangaje ko abo bagabo bane bari bagamije gutera I Paris ku musi wa kane uza, ariko ntiyashikirije ibice vyari guterwa ivyari vyo. Ayandi makuru avuga ko abari guterwa ari abapolisi, hamwe n’ahari ibiro vy’igendereza I Paris.

Molins avuga ko abo bagabo bafise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, bahagaritswe mu gisagara ca Strasbourg mu ndwi iheze, uwundi yamuka muri Maroke yafatiwe mu gisagara ca Marseille.

Abandanya avuga ko babiri muri bo bagize ingendo kurubibe rwa Turukiya na Siriya mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2015.

Molins yashikirije ko Ubufaransa bubangamiwe n’abakora iterabwoba bagaruka mu gihugu bavuye guhabwa imyimenyerezo muri Siriya.

Ubufaransa kiza kw’isonga ry’abakora iterabwoba baja mu burasirazuba bwo hagati bamwe bakaba bariko baragaruka kubwinshi.

Mwomenya ko abantu barenga 230 aribo bamaze guhitanwa n’ibitero vy’iterabwoba mu Bufaransa kuva muntango z’umwaka w’2015.

XS
SM
MD
LG