Uko wahagera

BURUNDI, Raport Y’Ishirahamwe FIDH Ku Gateka Ka Zina Muntu


Richard Ciramunda, umukuru wa radio Bujumbura
Richard Ciramunda, umukuru wa radio Bujumbura

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu FIDH mu ndwi iheze, ryaratangaje kw’ubwicanyi hamwe n’ubundi bugizi bwa nabi bwakorewe abarundi mu kiringo c’umwaka n’igice, bikabije

Ishirahamwe FIDH rivuga kw’ indyane za politike ziri mu Burundi zishobora kwadukamwo ihonyabwoko, rikaba rero ririko riratera akamo amakungu, kayasaba kwama yarikanuye kugirango ibara ntirigwe.

Ishirahamwe FIDH rivuga kw’abantu barenga 1000 bamaze kwicwa kuva mu kwezi kwa kane kwo mu mwaka uheze, ngo mu gihe abantu ibihumbi 8 bafungiwe imvo za politike, mu gihe kandi irengero ry’abantu bari hagati y’ amajana atatu n’ amajana umunani, ritazwi, mu buhungiro naho hakaba hari abarenga ibihumbi 300

Iyo raport isohotse mu gihe kandi na Departement ya reta ya Amerika mu ndwi iheze, yagabishije abanyamerika ngo ntibagendere mu Burundi kubera uruhagarara rwa polititke ruharangwa hamwe n’ibitero vy’abantu bitwaje ibigwanisho.

Ku musi ku wa mbere naho inama nkenguzamateka y’igihugu c’Ububirigi yumvirije abarundi bari mu mashirahamwe atagira inyungu za politike atandukanye kugira ngo atange umuco ku kuntu agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe.

Mbega ayo maraport avugwa mu gihe abarundi bariko bararonka akizero k’agahengwe, muyabona gute?

Mbega abakwirikiranira hafi politike yo mu Burundi babona ko hashobora kuba ihonyabwoko?

Mu gihe vyogaragara kw’abarundi bo mu bwoko bwose babanye mu mahoro, ikintu mwibaza coba gituma amaraport nk’ayo aguma atangazwa n’ikihe?

Musahobora kwumviriza ikiganiro Murisanga, twagiranye na Professeur Deogratias Nkinahamira, Terence Mushano wo mw’ishirahamwe Assze Genocide hamwe na Richard Ciramunda, afise iradiyo itnagariza amakuru ku buhinga ngurukanabumenyi:
Reka dutangure twumvirize Terence Mushano avuga ukuntu abona ibintu vyifashe mu Burundi kur’ico kibazo:

please wait

No media source currently available

0:00 0:54:08 0:00

XS
SM
MD
LG