Uko wahagera

 
Ubuyapani na Koreya y'Epfo Bizosangira Amakuru y'Iperereza Kuri Koreya ya Ruguru

Ubuyapani na Koreya y'Epfo Bizosangira Amakuru y'Iperereza Kuri Koreya ya Ruguru


Koreya y'epfo na Koreya ya ruguru kw'ikarata
Koreya y'epfo na Koreya ya ruguru kw'ikarata

Ubuyapani na Koreya y’epfo vyateye uno musi ku wa gatatu igikumu ku masezerano y’ugusangira amakuru y’iperereza ku bikorwa vya gisirikare vy’igihugu ca Koreya ya ruguru, harimwo umugambi w’ico gihugu werekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Koreya y’epfo butangaza kw’ayo masezerano azotuma Koreya ya ruguru igabanya ibikorwa vyayo vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda na Misile balistike.

Ayo masezerano arekurira Koreya y’epfo n’Ubuyapani gukaba amakuru yerekeye iperereza, ah’uguca kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika nkuko ivyo bihugu bibiri vyabigenjeje hisunzwe amasezerano yateweko igikumu mu mwaka w’i 2014.

Ayo masezerano mashasha yaragwanijwe n’abanyepolitike muri Koreya y’epfo, harimwo abariko basaba ko prezida, Park Guen-Hye atanga imihoho.

Ubushinwa bucuditse bikomeye na Koreya ya ruguru nabwo nyene bwiyamirije ayo masezerano. Bumenyesha ko azotuma umutekano uhungabana mu karere.

XS
SM
MD
LG