Uko wahagera

Amerika Igabisha Ibitero vy'Iterabwoba Mu Burayi


Reta zunze ubumwe z’Amerika iragabisha abanyagihugu bayo ko har’amakuru y’ibitero vy’iterabwoba biriko birategurwa mubihe vy’imisi mikuru irangiza umwaka ku mugabane wa Burayi.

Mw’itangazo ryasohowe kur'uyu wa mbere, abategetsi b’Amerika basaba abanyagihugu babo bari I Burayi kwirinda kuja mu birori vyo guhimbaza imisi mikuru, no kutaja mu masoko adakingiwe.

Ibihugu nk’Ubufaransa, Ubudagi, Ububirigi na Turukiya vyaragizwemwo ibitero vy’iterabwoba mu mwaka uheze, reta y’Amerika igatangaza ko igifise amakenga ko hashobora kuba ibindi bitero nk’ivyo kur’uyo mugabane muri kazoza.

Amerika isaba kandi abanyagihugu bayo kwirinda kuja mu bibanza bihurumbirwa na bamukerarugendo, birinde kwiyunguruza mu miduga yunguruza abantu benshi ndetse bareke no kuja mu bibanza vyo gusengeramwo no mu mazu y’Uburiro hamwe n’amahoteri.

Iri gabisha rije mugihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu c’Ubufaransa, Bernard Cazeneuve aheruka gushikiriza ko ata makuru akomeye y’ibitero avugwa mu Bufaransa.

XS
SM
MD
LG