Uko wahagera

Kameruni Congeye Kwugurura urubibe na Nijeriya


Abanyagihugu ba Kameruni kumupaka.
Abanyagihugu ba Kameruni kumupaka.

Igihugu ca Kameruni congeye kwugurura umupaka waco gihana na Nijeriya, inyuma y’imyaka itatu wari wugawe bivanye n’ibikorwa vy’ubwicanyi vyaterwa n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Kameruni gitangaza ko n’aho cafashe iyo ngingo kubera ibitero vya Boko haram vyagabanutse mur’iyi myaka ibiri, abacuruza binjira canke basohoka mugihugu bazoza barasuzumwa kandi bagumizweko ijisho.

Jenerali Jacob Kodji, umwe mu bategetsi b’ingabo za Kameruni zirwanya Boko Haram avuga ko naho uwo muhari umaze hafi umwaka atabitero bikomeye ukora igisirikare ciwe kizoguma kiri magabo kugira gikingire abanyagihugu.

Vyitezwe yuko iyugururwa ry’urwo rubibe bizotuma ibikorwa vy’urudandazwa n’ubutunzi vyisununura naho ibijanye n’umutekano w’abanyagihugu bikwiye kuguma vyitabwaho.

XS
SM
MD
LG