Uko wahagera

Haiti Yatunganije Amatora y'Umukuru w'Igihugu


Abanyagihugu bariko barondera amazina yabo ku ntonde z'abatora.
Abanyagihugu bariko barondera amazina yabo ku ntonde z'abatora.

Kur’uyu w’Imana, muri Haiti hatunganijwe amatora y’Umukuru w’Igihugu. Ayo matora yari kuba mu kwezi kw’icumi uyu mwaka, akaba yari yigijweyo bivuye ku gihuhusi caciye aho muri Haiti mu kwezi guheze kw’icumi.

Abanyagihugu bashika ku miliyoni mirongo ibiri n'indwi nibo bari k’urutonde gwo gutora. Gushik’ubu mu bakandida mirongo ibiri n'indwi bitoje, akaba atawari bwanuganugwe kw’ashobora gutahukana ikibanza c’Umukuru w’Igihugu.

Abanyagihugu muri Haiti bamenyesha ko biteguye ko umukuru w’igihugu mushasha ashobora gusubiza hamwe igihugu, akanashinga imigambi itanga akazi. Ni mu gihe abatari bake basinzikajwe na nyamugigima zaciye aho muri Haiti, mu nwaka w'Ibihumbi Bibiri na Cumi, n’iyiheruka mu ntango z’ukwezi guheze.

XS
SM
MD
LG