Uko wahagera

Mozambike: Ikigandaro ku Bahitanwe n'Umuriro Kuwa Gatanu


Reta ya Mozambike yashinze ikigandaro c’imisi itatu co kwibuka abantu bashika 60 bapfuye bahitanwe n’umuriro wadutse inyuma y’aho ikamyo yar’itwaye ibitoro ihiriye kur’uyu wa gatanu.

Reta ya Mozambike itangaza k’iyo kamyo yatembagariye mugace ka Moatize, kari hagati muri Mozambike, umudereva wayo aca arayita arahunga. Yaciye yaduka irasha mugihe abanyagihugu bo mur’ako gace bariko baravoma ibitoro yar’itwaye.

Radio Mozambike yatangaje ko abanyagihugu bashika 60 baciye bahasiga ubuzima abandi 108 barakomereka.

Umuvugizi wa reta ya Mozambike, Mouzinho Saíde yatangaje ko ico kigandaro gitangurana n’uyu wa gatandatu gushika italiki 21 z’uku kwezi kwa cenda.

Bubaye ubugira kabiri mu kiringo c’imyaka ibiri reta ya Mozambika ishinga imisi y’ibigandaro bivanye n’ivyago nk’ibi. Mu kwezi kwa mbere umwaka w’2015, abantu 75 barapfuye banyoye inzoga irimwo isumu mu ntara ya Chitima mugihe bari bavuye gushingura uwabo.

XS
SM
MD
LG