Uko wahagera

Filipine Gishobora Kuvavanura na ICC


Perezida Rodrigo Duterte wa Philipine
Perezida Rodrigo Duterte wa Philipine

Perezida Rodrigo Duterte wa Philipine agabisha ko igihugu ciwe gishobora kuvavanura na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Yabishikirije inyuma y’umusi umwe gusa Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ateye umukono kw’itegeko ribuza igihugu ciwe gukorana n’iyo sentare.

Duterte yabitangaje kur'uyu wa kane, imbere yuko afata urugengo rumushikana muri Peru, avuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha ibangamira ibihugu bito bito.

Ariko abakurikiranira hafi ivyiwe bavuga ko Duterte atinya kw’iyo sentare ishobora kumwagiriza abantu yishe mu rugamba arimwo rwo kurwanya abadandaza ibiyayuramutwe muri Philipine.

XS
SM
MD
LG