Uko wahagera

Myanmar: Igisirikare Kiregwa Gufata Ku Nguvu Abakenyezi


Abapolisi bo mu Gihugu ca Myanmar
Abapolisi bo mu Gihugu ca Myanmar

Mu gihugu ca Myanmar, gihana urubibe na Bangladesh, Ubuhindi hamwe n’Ubushinwa, havugwa intambara zurutavanako mu burengero bw’Igisagara ca Rakhine, aho abasirikare ba Reta bari k’urubibe rwa Bangladesh bariko baratana mu mitwe n’abagwanyi bivugwa ko bakoze ibitero bigahitana abapolisi bashika kuri cenda mu kwezi guheze.

Mw’itangazo ryasohowe na Reta rimenyesha ko k’uyu wa gatandatu habaye igitero cahitanye umusirikare umwe wa Reta, n’abagwanyi batandatu mubari bakoze ico gitero. Abantu bashika kuri mirongo itatu bakaba baciye bafatwa ku mvo z’amatohoza.

Iryo tangazo ntiridoma urutoke ku bakoze ico gitero ab’ari bo. Abavyihweza, co kimwe n’abaserukira ibihugu vya Buraya, bavuga ko ibitero vyabaye mu minsi iheze, vyagirwa abasirikare bakorera mur’ako karere. Abanyagihugu batuma urutoke abo basirikare ko bishe, bagaturira amazu, bakongera bagafata ku nguvu abanyagihugu bo mu bwoko bw’aba Rohingya.

Ikinyamakuru Myanmar Times kikaba carahagaritse mu ndwi iheze, gukora ku nkuru zerekeye iyo ntambara, inyuma y’aho uwujejwe gutangaza amakuru akuwe mu mabanga yiwe, bivuye ko yari yasohoye inkuru ijanye n’ifatwa ku nguvu ry’abakenyezi bo mu bwoko bw’aba Rohingya, ryakozwe n’abasirikare ba Reta.

XS
SM
MD
LG