Uko wahagera

Perezida Obama Aramamaza Hillary Clinton muri Florida


Perezida Obama yamamaza Hillary Clinton muri reta ya Florida
Perezida Obama yamamaza Hillary Clinton muri reta ya Florida

Abanyapolitike bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump hamwe na Hillary Clinton bariko bashira inguvu zabo zose kuri reta ya Carolina ya Ruguru na Florida uyu musi ku wa kane. Abo bategetsi babona ko izi reta zibiri zihambaye cane kugira ngo bashobore gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu. Aya matora ategekanijwe ku musi wa kabiri w'indwi iza

Trump yategekanije amakoranira ane uyu musi ku wa kane,akaba yatanguriye mu gisagara ca Jackson kiri mu buraruko bwa reta ya Florida, imbere y’uko aja muri reta ya Pennsylvania, akarangiriza muri reta ya Carolina ya ruguru.

Clinton nawe afise amakoraniro abiri uyu musi muri reta ya Carolina ya ruguru. Urugendo rwa mbere yarugize mu gisagara ca Greenville, urundi narwo rutegekanikwe mu gisagara ca Raleigh.

Perezida Barack Obama mu kanya yariko arakoresha ikoraniro muri reta ya Florida, yumvisha abanyagihugu ko bakwiye gutora Hillary Clinton. Ikoraniro rya mbere yarigiriye mu gisagara ca Miami, mu gihe ikindi gitegekanijwe mu gisagara ca Jacskson.

Itohozwa ry’amajwi ririko rirashikirizwa mur’iki gihe ryerekeye izo ntara uko ari zibiri, ryerekana kw’abo banyapolitike basa n’abanganya amajwi mur’iyi ndwi ya nyuma yo kwiyamamaza, imbere y’amatora.

Abahinga bavuga ko reta ya Carolina ya ruguru hamwe n’iya Florida zishobora gutuma umwe mur’abo banyapolitike atsinda, kuko arizo zishobora gutora umugambwe w’Abarepublika canke zigatora uw’Abademokrate.

XS
SM
MD
LG