Uko wahagera

Abigaragamvya Muri Afrika y'Epfo Basaba Zuma Gutanga Imihoho


Abanyagihugu bo muri Afrika y'epfo mu Myigaragamvo basaba Perezida jacob Zuma Gutanga Imihoho.
Abanyagihugu bo muri Afrika y'epfo mu Myigaragamvo basaba Perezida jacob Zuma Gutanga Imihoho.

Mu gihugu ca Afrika y’Epfo, uyu musi ku wa gatatu, abapolisi barashe insoro zitica ku banyagihugu bariko bagira imyiyerekano, hafi y’ibiro vya prezida Jacob Zuma, basaba kw’atanga imihoho.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi rya Amerika Thuso Khumalo, avuga kw’abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bahurikiye mu mugambwe w’intagondwa witwa Economic Freedom Figthers, bamenaguye amadirisha, barasahura ihoteli iri hafi y’inyubakwa y’abashingamateka, bariko baganako.

Mur’iki gihe kandi abanyaAfrika y’Epfo bararindiriye raporo izosohorwa na reta, yerekeye ruswa n’ibiturire bavuga ko vyaranze reta ya Prezida Zuma.

Ifoto yerekana itongo rya perezida Jacob Zuma, mu buraruko bw'intara ya KwaZulu Natal
Ifoto yerekana itongo rya perezida Jacob Zuma, mu buraruko bw'intara ya KwaZulu Natal

Umucamanza, uyu musi ku wa gatatu, yasavye kw’iyo raporo isohorwa bunonyene, inyuma y’aho Prezida Zuma, ahebeye gushinga urubanza rubuza kw’iyo raporo isohorwa.

Iyo raporo yatohojwe n’uwahoze ar’umutegetsi ajejwe gukingira inyungu z’abanyagihugu, inyuma y’aho hatangarijwe ibirego bivuga ko Zuma yaretse umuryango w’umunyamatungo witwa Gupta, ukitorera abashikiranganji bashira imbere inyungu zabo.

Vyari bitegekanijwe kw’iyo raporo ishirwa ahabona mu kwezi guheze, imbere y’uko Zuma ayihagarika.

Zuma asanzwe ahanzwe n’ibindi birego bivuga ko yakoresheje amafaranga y’igihugu angana n'imiliyoni 20 z'amadolari, yakoresheje mu gusanura inzu yiwe yo ku gatumba.

Mu nyuma yahavuye asaba ikigongwe, yongera aremera kw’asozubiza ayo mafaranga.

XS
SM
MD
LG