Uko wahagera

Umurovyi Yarasiwe Mu Kiyaga Rweru


Umurovyi w'Umurundi yarasiwe mu kiyaga Rweru
Umurovyi w'Umurundi yarasiwe mu kiyaga Rweru

Abarovyi bo ku mutumba Gatete muri komine Busoni baragiriza abasirikare b’u Rwanda kurasa mugenzi wabo.

Bavugako yarasiwe mu kiyaga Rweru mu gitondo co kuri uwu wa gatandatu ariko araroba. Umwe muri babiri bari kumwe yafashwe n’abasirikare b’u Rwanda nk’uko babivuga.

Abajejwe intwaro bavugako bazogira ico babivugako, ikiziga c’uwo murovyi kiri mu mazi kimaze kuboneka.

Abdoul Ndayiragije nawe nyene ni umurovyi wo ku mutumba Gatete.Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko mugenzi we wundi agira gatatu barikumwe yaciye yishikana mu minwe y’abasirikare b’u Rwanada.

Uwo murovyi avugako atari ubwambere barobera aho mugenzi wabo yarasiwe. Abo barovyi bemeza ko aharasiwe mugenzi wabo ari mu mazi y’u Burundi.

Iyo nkuru imaze kumenyekana, abanyagihugu benshi bo ku mutumba Gatete bagumye hafi ku mucamo w’ikiyaga. Abajejwe umutekano mu gisirikare no mu gipolisi barikumwe n’abajejwe intwaro n’igendereza nabo nyene bahashitse.

Ikibazo nyamukuru, kwari ukwihweza uko ikiziga c’uwo murovyi coshikanwa ku musozi w’I Burundi. Ku ruhande rw’abajejwe intwaro, hari musitanteri wa komine Busoni Marie Claudine Hashazinka.

Kuri ivyo vyose bishikirizwa n’abarovyi, musitanteri wa komine Busoni avugako hakiri kare kugira agire ico abivugako. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko azogira ico ashikirije ikiziga c’uwo murovyi kimaze kuboneka.

Gushika ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu kikaba kitari bwaboneke.

Ijwi ry'Amerika ryahamagaye

Twahamagaye umuvugizi w’igisirikali c'u Rwanda Lt. Col. Rene Ngendahimana avugako ayo makuru atari bywayamenye.

XS
SM
MD
LG