Uko wahagera

Reta ya Kiyisilamu Iriko Ikoresha Abasivile nk'Inkinzo


Abanyagihugu bashoboye kuva muvyara vy'umuhari wa reta ya Kiyisilamu mugisagara ca Mosul muri Iraki.

Reta ya Kiyisilamu yakoresheje abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi nk’inkinzo, mu gisagara ca Mosul, no mu micungararo yaco, mu gihe inteko z’igihugu ca Iraki ziriko zitera zegereza ico gisagara.

Ivyo vyatangajwe, kur'uyu wa gatanu, n’ibiro bijejwe agateka ka muntu vy’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U.

Umuvugizi w’ivyo biro, Ravina Shamdasani, yatangaje ari i Geneve, kw’umugambi ugayitse wa Reta ya Kiyisilamu ari ukugira imbohe abanyagihugu, mu bice bimwe bimwe, kugira inteko za Reta ya Iraki ntizihashike.

Amenyesha ko mur'uwo mugambi Reta ya Kiyislamu iriko ikoresha abapfasoni, abagabo n’abana ibihumbi n’ibihumbi nk’inkinzo.

Abantu barenga amajana abiri bavurwako bishwe barashwe, kubera banse gukwirikira amategeko ya Reta ya Kiyislamu y’ukuva, mu bice barimwo, canke kubera bakoranye imbere yaho n’abajejwe umutekano ba Reta ya Iraki.

ONU, ritangaza ko kw’abasivile barenga ibihumbi ijana bahunze ingo zabo, mu gisagara ca Mosul, no mu micungararo yaco. Ivyo vyarateye impungenge ku mibereho yabo.

Abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bafashe igisagara ca Mosul, mu mwaka w’i 2014, igihe bigarurira ibice binini vyo mu buraruko, no mu burengero bw’igihugu ca Iraki.

XS
SM
MD
LG