Uko wahagera

USA: Clinton na Trump Biyamamaza muri Florida


Hasigaye indwi zibiri ngw’amatora abe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abakandida Donald Trump na Hillary Clinton, bariko biyamamaza, uno musi ku wa kabiri, muri Reta ya Florida.

Iyo reta, irakomeye cane kuri abo bakandida babiri, mw’ihiganwa ry’ukuba prezida wa Amerika.

Ivyatohojwe muri Reta ya Florida, vyerekana ko Madamu Clinton, ari imbere y'umushingantahe Trump, hafi y’ibice bine kw’ijana vy’amajwi muri iyo Reta, aho abantu umuliyoni n’ibihumbi amajana atandatu baza batoye, mu bibanza abantu batoreramwo kare.

Donald Trump, avuga ko bishobora kuba ari ukuri ko adashobora kuba umuprezida agira uwa mirongo ine na gatanu wa Amerika, mu gihe adatsinze muri Reta ya Florida.

Ivyatohojwe vyerekana ko Trump, ari inyuma ya Clinton, hafi y’ibice bitanu kw’ijana vy’amajwi mu gihugu cose.

Donald Trump, ariko magendera ibisagara indwi muri Reta ya Florida, mu kiringo c’imisi itatu. Ariko abwira abatora ko ari imbere ya Hillary Clinton, mu kuvuga kw’ibishikirizwa n’itangazamakuru ku vyerekeye amatora atarivyo.

Amenyesha kw’itangazamakuru mu gihugu ryifatanije na Hillary Clinton, kugira bibe amatora. Ivyo abivuga naho ata vyemezo na bimwe yatanze, ku vyerekeye iyibwa ry’amatora.

XS
SM
MD
LG