Uko wahagera

Abimukira Batanguye Kuva mw'Ikambi za Calais


Abimukira batanguye kuva mw’ikambi y’impunzi igiye gusamburwa vuba, mu gisagara kirimwo ikivuko, ca Calais, mu buraruko bw’Ubufransa.

Reta y’Ubufransa yatangaje kw’igikorwa c’ukwimura abimukira kizotuma iyo kambi yugarwa. Bitegekanijwe kw’ico gikorwa kizofata hafi y’indwi.

Imbere yaho, bamwe mu mpunzi barahanganye n’igipolisi, aho bateye amabuye inteko zijejwe umutekano, mu ntumebero y’ukwiyamiriza umugambi w’ugusambura ikambi barimwo.

Abimukira bari mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais, bazoshirwa mu bibanza vy’impunzi mu gihugu c’Ubufransa, hamwe n’akaryo k’ugusaba ubuhungiro. Yamara yahi impungenge ko bamwe muribo bazokwanka kuva mw’ikambi barimwo kubera bagishaka kuja mu Bwongereza.

Ubwongereza buza bwaratanguye kwakira abanda batagira ababaherekeje bagera ku gihumbi n’amajana atatu, bari mw’ikambi yo mu gisagara ca Calais.

Benshi mu bimukira bava mu bihugu vya Afuganistani, Dusani, Ethiopia na Eritreya.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu Bufransa, bwatangaje ko budashaka gukoresha inguvu. Yamara bumenyesha ko hamwe abimukira bokwanka kuva mw’ikambi barimwo mu gisagara ca Calais, igipolisi gishoboragufata ingingo zikwiriye.

XS
SM
MD
LG