Uko wahagera

Iraki Canse ko Turukiya Gifasha Kubohoza Mosul


Sekreteri wo Kwivuna abansi w'Amerika Ash Carter( Ibubamfu) n'umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haidar al-Abadi, (Iburyo)
Sekreteri wo Kwivuna abansi w'Amerika Ash Carter( Ibubamfu) n'umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haidar al-Abadi, (Iburyo)

Umushikiranganji wa mbere wa Iraki Haider al-Abadi yanse ko Turukiya gifasha mu ntambara yo kubohoza igisagara ca Mosul kiri mu minwe y’umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Abadi yatangaje kur’uyu wa gatandatu ko urunani rusanzwe ruhari rushobora gukora ico gikorwa ata mfashanyo ya Turukiya.

Abadi yabitangaje ahejeje kubonana na sekreteri w’Amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter, yari I Baghdad kuraba ingene yokwumvikanisha ubutegetsi bwa Turukiya bwiharijwe n’abayisilamu bo mu bwoko bw’abasunite hamwe na reta ya Iraki irongowe n’abashiite.

Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya k’umusi wa kabiri yasavye ko yogira uruhara mu ntambara yo kubohoza Mosul kandi agabisha ko abasirikare biwe baza bari mu buraruko bwa Iraki batazokurikiza amategeko ya reta y’I Baghdad.

XS
SM
MD
LG