Uko wahagera

Perezida Duterte wa Filipine Atangaza ko Avavanuye n'Amerika


Umukuru w’igihugu ca Philipine Rodrigo Duterte atangaza ko igihugu ciwe kivavanuye na Leta zunze ubumwe z’Amerika muvya gisirikare no muvy’ubutunzi kandi kigiye kwifatanya n’Ubushinwa.

Abitangaje inyuma y’umubonano yagiranye n’abategetsi b’ubushinwa ejo k’umusi wa kane mu gisagara ca Beijing.

Abandanya avuga ko agiye kwunga ubucuti n’Ubushinwa kandi ko mu misi ir’imbere ashobora kuzoja mu Burusiya kuganira na Perezida Vladimir Putin amubwire ko yifatanije n’ivyo bihugu bibiri.

Mw’ijambo ryiwe, Duterte yavuze ko akunda Ubushinwa kuko ata majambo yo gusuzugura abantu buvuga akanegura akavuga ko Amerika ko yishira hejuru kandi ifise agasuzuguro karenze.

Ntibiragaragara uko iyo ngingo afashe izokwakirwa mu gihugu ciwe, mugihe benshi mu banyefilipine baha ishusho nziza Amerika kandi n’ubucuti bafitanye muvya gisirikare n’Ubutunzi bifise akamaro.

XS
SM
MD
LG