Uko wahagera

USA: Obama Yakiye Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yakiye kur'uyu wa kabiri umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubutaliyano, Matteo Renzi, mu ngoro yiwe, Maison Blanche.

Matteo Renzi, n’umupfasoni wiwe bakiwe uno musi ku wa kabiri, na Perezida Obama, mu kibanza kiri imbere y’ingoro yiwe, Maison Blanche, n’icubahiro gitegekanirizwa abakuru b’ibihugu n’ama Reta.

Prezida Obama, yatangaje ko Amerika n’Ubutaliyano bisangiye inyungu n’imico.

Mu vyo yashikirije, umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Matteo Renzi yahayagije prezida Obama, kuba yakuye Amerika mu bibazo bikomeye vy’ubutunzi.

Avugako Obama, yafashe ingingo zatumye ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura, zafashije ibidukikije n’abakene.

Inyuma y’ibirori vy’ukwakira umushikiranganji wa mbere w’Ubutaliyano, Matteo Renzi, abo bategetsi babiri baragiranye ibiganiro, mu ngoro ya prezida Obama, Maison Blanche.

XS
SM
MD
LG