Uko wahagera

Amerika Irahakana ko Itugaye Ikibanza ca Internet ca Julian Assange


Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, burahakana ko bwagizwe uruhara mu kwugara ikibanza ngurukanabumenyi Julian Assange, yashizeho urubuga, Wikileaks. Uru rubuga umena amakuru y’ibanga mu kuyashira ahabona.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, John Kirby, avuga ko nta kuri na guto kuri mu bivugwa ko Amerika ibifitemo uruhare.

Amakuru atangaza kw’umushikiranganaji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yavuganye n’abategetsi b’igihugu ca Equateur, ku vyerekeye ico kibazo atari ay’ukuri.

Ikibanza kimena amakuru y’ibanga, Wikileaks, catangaje ku musi wa mbere kw’ikibanza ca internet, Julian Assange, akoresha cugawe n’impaka na Reta y’igihugu kanaka.

Mu vyo cashizkirije inyuma yaho ku rubuga Twitter, ikibanza, Wikileaks, catangaje ko cashizeho ubundi buryo Assange, ashobora gukoresha.

Julian Assange, yinyegeje muri Ambasade y’igihugu ca Equateur, i Londres mu Bwongereza, kuva mu mwaka w’i 2012, kubera atinya guhagarikwa.

Ubusweda bumaze igihe bugerageza gutuma Assange, arungikwa muri ico gihugu, ku vyaha vy’ugufata abapfasoni ku nguvu yagirizwa.

Ikibanza Wikileaks, nticavuze ku buryo butomoye igihugu cibazako arico cugaye ikibanza ca internet, Julian Assange akoresha.

XS
SM
MD
LG